Mu gihe c’inama igira 61 y ‘Abashikiranganji bagize Umugwi w ‘Ishirahamwe ry ‘Ibihugu Vyunze Ubumwe ujejwe ibibazo vy ‘umutekano muri Afirika yo hagati (UNSAC) , Nyakubahwa Ambasaderi Édouard Bizimana, Umushikiranganji w ‘Imigenderanire n’ Ayandi Makungu , Iyinjira ry’ Uburundi mu Miryango yo mu Karere no Gufashanya mw ‘Iterambere yarahaye umubonano ku musi wa kane igenekerezo rya 28 Rusama 2026 umugwi w ‘intumwa ziserukiwe n’ umushingantahe Onanga Anyanga , Umuserukizi adasanzwe w ‘Umunyamabanga mukuru w ‘ishirahamwe ry’ Ibihugu Vyunze Ubumwe mw ‘Ishirahamwe ry ‘Ubumwe bwa Afirika. Uwo mubonano wabaye mu ntumbereo yo gutsimbataza imigenderanire.
Abo bubahwa babiri baganiriye kubijanye n’inyungu rusangi na cane cane izijanye n’ibikorwa vya UNOCA bisanzwe biriko biraba. Umushingantahe Onanga Anyanga yarakeje Umushikiranganji BIZIMANA ku burongozi bw’ Ishirahamwe ry ‘Ubumwe bwa Afirika arongera arakenguruka integuro y’ inama y abashikiranganji b’ ibihugu bihurikiye mw’ ishirahamwe CEEAC bagize umugwi hamwe na UNICHA, intunganyo nyamukuru mu mateka y’ iryo shirahamwe ifatwa nk ‘inkingi ngombwa kugira ngo amahoro n’umutekano bitsimbatare mu Karere.
Yamenyesheje kandi ko kuba Uburundi burongoye Ishirahamwe ry ‘Ubumwe bwa Afirika hamwe na UNOCA vyerekana neza urugero Uburundi buriko mu kwitanga no gushira inguvu n’imitahe mw’ iteramabere ry’ igihugu. Mu gukenguruka yashimikiye ku butwari buboneka bwa Nyenicubahiro Umukuru w ‘Igihugu c’Uburundi Évariste Ndayishimiye, hamwe no ku mutekano, na cane cane ku nteguro y ‘Urwaruka kubijanye n’amahoro n’umutekano.
Iyo ntumwa idasanzwe yaramenyesheje ko Uburundi ari co gihugu conyene gihagaze neza mu bijanye no gutanga intererano muri iryo shirahamwe, icemezo c’ubutwari mu muryango mpuzamakungu.
Umushikiranganji BIZIMANA ku ruhande rwiwe yarashikirije ko Uburundi bukenguruka cane ingene ishirahamwe ry’ Ibihugu Vyunze Ubumwe bibutera inkunga mu bisata bitandukanye. Yarashimikiye cane ko hoba ugufashanya gushingiye kubikorwa biteza imbere ubuzima bw ‘Abarundi.
Ku bijanye n’ishirahamwe UNOCA, Ambasaderi BIZIMANA yashikirije ko ikiringo c’amezi atandatu ari gito cane ku burongozi bw’ iryo shirahamwe kugira bashike ku mahangiro bihaye. Yasavye ko ababijejwe bokorana kugira ngo biyumvire ingene ico kiringo cokongerezwa. Twobamenyeshako kuva kuwa 29 Rusama 2026, Uburundi aribwo buzoba burongoye Umugwi ntayegayezwa w’ iryo shirahamwe mu mezi atandatu ari imbere.
Mu nca make, Umushikiranganji yarasubiye kwemeza ko Uburundi bufise ishaka ryo gukorana n’Ishirahamwe ry ‘Ibihugu Vyunze Ubumwe mu nzego zabo zose , mu gutsimbataza imigenderanire y ‘amahoro n’Ubutunzi muri Afirika.
Ministère des Affaires Etrangères du Burundi